SlideShare a Scribd company logo
1 of 9
Download to read offline
©1994 ya Rose Stair Goodman. Ishusho yo ku gipfukisho yakozwe na Edwin
B. Wallace. Meryl Esenwein yakoze ayo kuri iyi page no kuri pages 10, 12,
14, 16, 27, 29, 39, 41, 42, 44, 46, 47, na 48. Imirongo yo muri Bibiliya yavuye
muri Bibiliya Yera ya 1967, © British and Foreign Bible Society.
IMANA YAREMYE IYI SI YACU 1
N’IBIFISE UBUGINGO VYOSE
Ubwa mbere na mbere Imana yaremye ijuru n’isi.
—Itanguriro 1:1
Kuko muri we ari ho vyose vyaremewe, ivyo mw ijuru
n’ivyo mw isi . . . . —Ab’i Kolosayi 1:16
Muhawe umugisha n’Uhoraho, yaremye ijuru n’isi.
Amajuru n’amajuru n’ay’ Uhoraho, ariko isi yayihaye abana
b’abantu. —Zaburi 115:15, 16
Isi yari itunganye rwose igihe Imana yayihereye abantu.
Komeza usome mur’ aka gatabo kugira ngo umenye ivyabaye
inyuma y’aho.
2 IMANA YARATUREMYE
Imana iravuga iti: Tureme umuntu mw ishusho yacu, ase
natwe; aganze . . . n’isi yose . . . . —Itanguriro 1:26
UMUNTU YABAYE UWUFISE UBUGINGO 3
Uhoraho Imana abumba umuntu mu mukungugu wo
hasi, amuhumekera mu mazuru impwemu y’ubugingo;
umuntu aca aba uwufise ubugingo*. —Itanguriro 2:7
Uhoraho Imana aravuga ati: Si vyiza k’uyu muntu
yibana wenyene; hinge ndamuronderere umufasha bi-
skwiranye . . . . Maze Uhoraho Imana asinziriza uwo muntu
ubutikoma, arasinzira; amukuramwo urubavu rumwe,
ahomeka inyama mu gishingo carwo. Urwo rubavu
Uhoraho Imana akuye mur’ uwo muntu, arukuramwo
umugore, amuzanira uwo muntu.
—Itanguriro 2:18, 21, 22
*Kugira ubugingo n’ukuvuga ko tuzobaho ibihe bidashira.
Inzira Ija
ku Mana
4 ADAMU NA EVA NTIBUMVIYE IMANA
Nta ho dukwiye kwumvira ijwi rya Satani.
Uhoraho Imana ajana wa muntu, amushira mur’ iryo
tongo ryo muri Edeni, ngo aririme, arizigame. Uhoraho
Imana abarira uwo muntu ati: Igiti cose co mur’ iryo tongo
ukiryeko uko ugomba; ariko igiti kimenyekanisha iciza
n’ikibi ntuze ukiryeko: kuko umusi wakiriyeko, uzopfa nta
kabuza. —Itanguriro 2:15-17
INZOKA, YITWA KANDI UMURWANIZI CANKE SATANI,
YAKEKERANIJE UBUBASHA BW’IMANA, IKONGERAKO
IBESHA.
Iyo nzoka yishura uwo mugore iti: Haba n’intete ntimu-
zopfa. Uwo mugore abonye ico giti yuko ari ikibereye
kuribwa, kandi ko gihimbaye mu jisho, ari igiti co kwifuzwa
kimenyesha ubwenge, yamura ku vyo camye, arabirya,
ahako n’umugabo wiwe . . . na we ararya. —Itanguriro 3:4, 6
5
6 ADAMU NA EVA BABUJIJWE
KUGUMA MURI EDENI
. . . Uhoraho Imana amukura mur’ iryo tongo ryo muri
Edeni, ngo aje kurima ivu yakuwemwo . . . . Ahashira abake-
rubi, bo n’inkota yaka umuriro . . . ngo itangire inzira ija kuri
ca giti c’ubugingo. —Itanguriro 3:23, 24
UMUSI ADAMU NA EVA BACUMUYEKO 7
WABEREYE ABANTU BOSE
UMUSI W’UMUBABARO
. . . N k’uko icaha cazanywe mw isi n’umuntu umwe, urupfu
rukazanwa n’icaha, ni ko urupfu rushika ku bantu bose . . . .
—Abaroma 5:12
Ikintu Dukwiye Kwibuka
Umuntu wese avukana kameremere k’icaha, kandi hazoza
igihe azopfira kuko urupfu rwazanywe n’icaha.
8 IMIGABO Y’IMANA YO KUDUKIZA
IVYAHA YARI UGUTUMA UMWANA
WAYO W’IKINEGE
Azovyara umwana
w’umuhungu, nawe uze
umwite YESU, kuko ari
we azokiza abantu biwe
ivyaha vyabo.
—Matayo 1:21
Kugira ngo abe umuntu, Umwana w’Imana
yari akwiye kuvuka nk’uruyoya rw’umuntu.
Kuko muri we [Kristo Yesu] ari ho haba ukunengesera kwose
kw’Ubumana mu buryo bw’umubiri. —Ab’i Kolosayi 2:9
YESU N’IMANA— 9
AFISE ISHUSHO Y’UMUNTU
Ubwa mbere na mbere Jambo yariho, kandi Jambo
yahoranye n’Imana, kandi uwo Jambo yari Imana . . . .
kandi uwo Jambo yihaye umubiri, abana natwe . . . .
—Yohana 1:1, 14
Ivyo vyose vyabaye birtyo ngo ivyo Umwami Imana
yavuze . . . biboneke, ngo Raba, inkumi izotwara inda,
ivyare umwana w’umuhungu, bazomwita Imanuweli,
risobanurwa ngo Imana iri kumwe natwe. —Matayo 1:22, 23
Kuko umwana atuvukiye, duhawe umwana w’umuhungu;
ubutware buzoba ku bitugu vyiwe; azokwitwa Igitangaza,
Umujanama, Imana y’ubushobozi, Data wa twese ahoraho,
Umukama w’amahoro. —Yesaya 9:6
10 YESU KRISTO—
IKIMAZI GITUNGANYE CADUTANGIWE
Umwe atigeze kumenya icaha . . . . —2 Ab’i Korinto 5:21
We nta caha yakoze . . . .
—1 Petero 2:22
Nta kimazi umuntu yoshobora gutanga
cari GITUNGANYE ngo gishobore
gukuraho ivyaha.
Kuko bidashoboka ko amaraso
y’amapfizi n’ay’impene akuraho
ivyaha. —Abaheburayo 10:4
Yesu ni we Mwagazi w’intama w’Imana. “Nguyu Umwagazi w’i-
ntama w’Imana ukuraho icaha c’abari mw isi." —Yohana 1:29
YESU YATANZE UBUGINGO 11
BWIWE KUGIRA NGO ADUKIZE
Yesu yabambiwe ku musaraba w’igiti kuko abantu b’inkazi bamwanka.
Ariko urupfu rwiwe rwari mu migabo y’Imana. Yesu yatanze ubugingo
bwiwe avyigombeye kugira ngo adukize ivyaha vyacu, wewe nanje.
Yesu yaravuze ati: Nta n’umwe abunyaka [ubugingo bwanje], kuko
mburekura kubwanje; mfise ububasha bwo kuburekura, mfise
n’ububasha bwo gusubira kubwabira. —Yohana 10:18
TURACUNGURWA N’AMARASO Y’UMWAGAZI W’INTAMA W’IMANA
. . . Ivyo mwacungujwe . . . ntivyari ibishira, nk’ifeza canke
izahabu, ariko mwacungujwe amaraso y’igiciro kinini, nk’ay’
umwagazi w’intama utagira agasembwa canke ibara, ni yo ya
Kristo. —1 Petero 1:18, 19
Nta bindi bimazi bishobora gukuraho ivyaha.
12 Nuko none tumaze gutsindanishirizwa [kubarwa ko tugororotse]
n’amaraso yiwe, tuzorushiriza guheshwa na we gukizwa uburake
bw’Imana. —Abaroma 5:9
Uyu
mwambuzi
yizeye
Yesu
agakizwa.
“ . . . Ndakubwi
re ukuri: Uyu
musi urabana
nanje muri
Paradiso.”
—Luka 23:43
Uyu
mwambuzi
ntiyizeye
Yesu,
bituma
adakizwa.
“. . . Urahava uze unyibuke, Yesu,
ah’uzozira mu bwami bwawe.”
—Luka 23:42
. . . Kristo yadupfiriye tukiri abanyavyaha [tutumviye Imana].
—Abaroma 5:8
ABIZERA UMWANA W’IMANA BOSE 13
BAFISE UBUGINGO
Kuko urukundo Imana yakunze
abari mw isi ari rwo rwatumye itanga
Umwana wayo w’ikinege,
ngo uwumwizera wese ntaze
apfe rubi, ariko ahabwe
ubugingo budashira.
—Yohana 3:16
Yadukijije ububasha bw’umwiza, atwimurira mu bwami
bw’Umwana wiwe akunda. Mur’ uwo ni ho dufise ugucu-
ngurwa, ni kwo guharirwa ivyaha vyacu.
—Ab’i Kolosayi 1:13, 14
14 “YARAZUTSE!”
Ariko umumarayika
abwira ba bagore ati:
Mweho ntimutinye, kuko
nzi ko murondera Yesu,
umwe yabambwa; ntari
hano, kuko yazutse,
nk’uko yavuze. Ngo
murabe aho Umwami
yari aryamye.
—Matayo 28:5, 6
YESU YAZUTSE AVUYE MU BAPFUYE 15
“ . . . Ndi muzima; nari narapfuye, kandi raba mpora ndi
muzima ibihe bitazoshira, mfise impfunguzo z’urupfu n’iz’i
kuzimu.” —Ivyahishuwe 1:18
“ . . . Kuko ndiho, namwe muzobaho.” —Yohana14:19
Kuko Kristo yanesheje urupfu, akaba afise imfunguzo z’urupfu,
ntitukiba dukwiye gutinya urupfu.
Igihe cose ntinye nzokwizigira. —Zaburi 56:3
(Raba urupapuro rwa 46 kugira ngo ubone ayandi masezerano
y’Imana.)
YESU ASHOBORA KUGUKIZA KANDI ARAGUSABIRA
Ariko uyo we, kuko yamaho ibihe bidashira, . . . ashobora
gukiza rwose abashikira Imana kubwiwe, kuko na ntaryo
yamaho ngo abasabire —Abaheburayo 7:24, 25
16 DUSHOBORA GUHABWA UBUGINGO
BUDASHIRA, WEWE NANJET
Uyu muhungu ahisemwo neza inzira ija ku bugingo budashira.
Mbega WEHO ukurikira
iyihe nzira?
Yesu Kristo ni we NZIRA
ija ku BUGINGO budashira
no ku kubana n’Imana.
Satani ni we nzira ija ku
RUPFU rudashira.
“. . . Uyu musi ni mwitoranirize uwo muzosaba . . . . ”
—Yosuwa 24:15
“. . . Nuko ni muhitemwo ubugingo, kugira ngo mubone
kubaho, mwe n’uruvyaro rwanyu.”
—Gusubira mu Vyagezwe 30:19
YESU NI WE NZIRA IJA KU BUGINGO BUDASHIRA
Kandi nta wundi agakiza kabonerwamwo, kuko ata rindi
zina musi y’ijuru ryahawe abantu dukwiye gukirizwamwo.
—Ivyakozwe 4:12
“Jewe, jewe nyene ndi Uhoraho; kandi nta wundi Mukiza
atari jewe.” —Yesaya 43:11
UZOHITAMWO IYIHE? 17
18 N’IKI GITUMA DUKWIYE GUHITAMWO
YESU NI TWAGOMBA
UBUGINGO BUDASHIRA?
1. Kristo ni we yaje.
“. . . Nanje jeho nazanywe no kugira ngo zironke
ubugingo. . . . ” —Yohana 10:10
2. Kristo ni we yadukunze akadupfira.
. . . Umwana w’Imana yankunze,
akanyigura. —Ab’i Galatiya 2:20
Yesu yabaye umuntu agira amaraso
n’inyama nkatwe, . . . ngo abone uko
apfa, kandi urupfu rwiwe aruhindurishe ubusa uwufise
ubushobozi bw’urupfu, ni we wa Murwanizi, kandi ngo
arokore abajakariye ubwoba bw’urupfu bose, imisi yose
y’ukubaho kwabo. —Abaheburayo 2:14, 15
3. Amaraso ya Yesu ni yo yonyene umuti udukiza ivyaha.
. . . Amaraso n’impongano [azana uguharirwa], kubw’ ubugi-
ngo buri muri yo. —Abalewi 17:11
. . . Amaraso ya Yesu Umwana wayo atwoza icaha cose.
—1 Yohana 1:7
Mur’ uwo ni ho dufise ugucungurwa [ugukizwa], ni kwo
guharirwa ivyaha vyacu. —Ab’i Kolosayi 1:14
19
4. Kristo ni we yazutse mu
bapfuye.
. . . Tuzi yuko Kristo, amaze
kuzuka mu bapfuye, atagipfa,
urupfu rutakimuganza.
—Abaroma 6:9
Kandi icatumye apfira bose kwari ukugira ngo abariho
babeho batacinezereza, ariko babeho banezereza uwa-
bapfiriye, akabazukira. —2 Ab’i Korinto 5:15
Yesu yaravuze ati: . . . Kuko ndiho, namwe muzobaho.
—Yohana 14:19
20 5. Dukwiye kuba dufise Mpwemu wa Kristo muri
twebwe kugira ngo tuze tuzurirwe ubugingo
budashira.
Kristo ari muri mwebwe, ivyizigiro vyo kuzoronka ubwiza.
—Ab’i Kolosayi 1:27c
Ariko bisanzwe Mpwemu w’Iyazuye Yesu imukuye mu
bapfuye aba muri mwebwe, Iyazuye Kristo Yesu imukuye
mu bapfuye izozura n’imibiri yanyu ipfa, kubwa Mpwemu
wayo aba muri mwebwe. —Abaroma 8:11
N’UMENYE NEZA KO MPWEMU
WA KRISTO AKUBAMWO
. . . Iyo umuntu adafise Mpwemu wa Kristo ntaba ari
uwiwe [ntari uwa Kristo]. —Abaroma 8:9
21
YESU AKUNDA ABANA BOSE 22
Arabarera,
arabahezagira,
abarambitsekw
ibiganza.
—Mariko 10:16
“Yes’ arankunda, ni we yampfiriye.”
Maze Yesu arabahamagara ati: Ni mureke abana
bato baze aho ndi, ntimubabuze: kuko ubwami
bw’Imana ari ubw’ abameze bartyo. —Luka 18:16
Ni ko bidakundwa mu nyonga za So wo mw ijuru ko
umwe mur’ abo bato apfa rubi [ashika mu muriro udashira].
—Matayo 18:14
Nta co bitwaye uw’uri we, canke ah’uba ah’ ari ho. Yesu aragu-
kunda, kandi yaragupfiriye. Yesu agomba ko nawe umukunda.
Ushobora kwerekana ko umukunda mu kumwumvira.
“Ni mwankunda, muzokwitondera ivyagezwe vyanje.”
—Yohana 14:15
N’umwana amenyekanira ku vyo akora . . . .
—Imigani 20:11
24 UKO USHOBORA KUBONA INZIRA
IGUSHIKANA KU MANA
1. Emera ko uri umunyavyaha (ko utumviye Imana).
“Bose bakoze ivyaha, ntibashikira ubwiza bw’Imana.”
—Abaroma 3:23
2. Egera Imana uciye muri Yesu Kristo.
Kuko hari Imana imwe, kandi hari Umuhuza umwe
w’Imana n’abantu, na we nyene n’umuntu, ni Kristo Yesu.
—1 Timoteyo 2:5
Ni co gituma ashobora gukiza rwose abashikira Imana
kubwiwe . . . . —Abaheburayo 7:25
Yesu yaravuze ati: . . . U woza kuri jewe sinomuhinda na
gatoya. —Yohana 6:37
Nuko mwihane, muhindukire,
ivyaha vyanyu bihanagurwe . . . .
—Ivyakozwe 3:19
Umwami mana . . . yihanganira
mwebwe, ntigomba ko hagira
abahona, ariko igomba ko
bose bihana. —2 Petero 3:9
4. Aturira Yesu ivyaha
vyawe.
(Kwatura n’ukubivuga,
kuvyemera.)
Ni twatura ivyaha
vyacu, ni yo yo kwi-
zigirwa kandi igoro-
roka, ivyo ni vyo
bituma iduharira
ivyaha vyacu . . . .
—1 Yohana 1:9
26 Kur’ iyi misitari andika amajambo yo muri 1 Yohana 1:9.
Urayabona mw ishusho y’ibiganza iri ku rupapurorwa 25.
_____________________________________________
_____________________________________________
_____________________________________________
_____________________________________________
5. Reka ivyaha vyawe.
(Kureka n’uguheba, kutabisubiramwo.)
Uwupfukapfuka ibigabitanyo vyiwe ntazoronka
umugisha, ariko uwuvyihana akabireka azogirirwa
ikigongwe. —Imigani 28:13
Tandukana n’ibibi, ukore ivyiza . . . . —Zaburi 37:27
5. Izera Yesu Kristo 27
. . . Ni waturisha akanwa
yuko Yesu ari Umwami,
ukizera mu mutima yuko
Imana yamuzuye
imukuye mu bapfuye,
uzokizwa. —Abaroma 10:9
. . . “Izere Umwami Yesu,
urakira, mwe n’abo mu
nzu yawe.”
—Ivyakozwe 16:31
Ubuntu ni bwo bwabakijije
kubw’ ukwizera; . . . n’ingabire
y’Imana; ntivyavuye ku bikorwa,
kugira ngo hoye kugira uwirarira.
—Abanyefeso 2:8, 9
253. Wihane ivyaha vyawe.
(Kwihana n’ukubabazwa n’ivyaha
vyawe bituma wemera kubireka.)
25
23
28 7. Akira Yesu Kristo mu mutima wawe no mu
bugingo bwawe.
Ni wewe wenyene ushobora qukingu-
ra urugi rw’umutima wawe no kwinjiza
Yesu. Yesu yaravuze ati: Ehe
mapagaze ku rugi, ndaramukije.
Umuntu ni yumva ijwi ryanje,
akugurura urugi, ndinjira i we,
dusangire. —Ivyahishuwe 3:20
“Ariko abamwakiriye bose ya-
bahaye ububasha bwo gucika
abana b’lmana, ni bo bizeye izina
ryiwe.” —Yohana 1:12
KUKURONGORA MU GUSENGA
Namba uba utigeze gusenga, kandi wumva ko ugomba uwugu-
fasha gusenga, ushobora gukurikira isengesho ryanditswe hano
hepfo, rikurongore:
Mwami Yesu nkunda,
Ndagushimiye ko wampfiriye
ku musaraba kugira ngo unku
_
remo
ivyaha vyanje. Ndababazwa n’ibibi
vyose nakoze. Ndagusavye kuza wi-
njira mu mutima wanje, ukambamwo
ibihe vyose. Ndakwizeye ubu nyene
ngo unyoze umutima. Ndakwakiriye
ngo ube Umukiza wanje n’Umwami
wanje.
Ndabisavye mw izina rya Yesu.
Amen.
30 IGIHE UFISE YESU MU MUTIMA WAWE,
UBA UFISE UBUGINGO BUDASHIRA
. . .Imana yaduhaye ubugingo budashira, kand’ ubwo bugingo
buri mu Mwana wayo. Uwufise Umwana wayo ni we afise
ubwo bugingo . . . . —1 Yohana 5:11, 12
. . . Uwumva ijambo ryanje, akizera uwantumye, . . . aba avuye
mu rupfu, ashitse mu bugingo. —Yohana 5:24
Igihe umubiri wawe upfira, uca uba mu nyonga z’Imana (2 Ab’i
Korinto 5:8). . . . Kristo ari muri mwebwe, ivyizigiro vyo
kuzoronka ubwiza. —Ab’i Kolosayi 1:27
Namba wamaze gusaba Yesu kuguharira ivyaha vyawe, kandi
ukaba wizera Umwami Yesu Kristo ngo abe Umukiza wawe, andi-
ka izina ryawe hano kur’ uyu musitari:
_____________________________________________________
Kengurukira Yesu ivyiza vyose biboneka
mu bugingo bwawe. Umushimire ivyo
yagukoreye vyose bo n’uko yagukijije umuti-
ma. Sabira ico ukeneye cose. Senga mw
izina rya Yesu.
. . . I yo dusavye ikintu cose gihwanye
n’ivyo igomba, itwumva. —1 Yohana 5:14
“. . . Ni hagira ico musaba Data cose
azokibaha mw izina ryanje.”
—Yohana 16:23
. . . Musengeranire . . . . —Yakobo 5:16
. . . Musabire ababahama. —Matayo 5:44
32 VUGANA NA YESU MU GUSENGA
IGIHE IC’ARI CO COSE
ISENGESHO YESU 33
YIGISHIJE ABIGISHWA BIWE
(Umwigishwa n’uwukurikira Yesu.)
Yesu yabwiye abigishwa biwe gusenga bartya:
Data wa twese wo mw ijuru, izina ryawe ryubahwe,
ubwami bwawe buze, ivyo ugomba bibe mw isi nk’uko
biba mw ijuru. Uduhe ivyo kurya dukwiranye uyu musi;
uduhebere imyenda yacu, nk’uko natwe twahebeye
abari mu myenda yacu; kandi ntutujane mu bitwosha
nabi, ariko udukize wa Mubi. Kuko ubwami n’ubusho-
bozi n’icubahiro ari ivyawe ibihe bidashira. Amen.
—Matayo 6:9-13
Ukwiye gufata iryo sengesho mu bwenge. Abakristo bakunda kuri-
sengera hamwe bakoresha amajwi yumvikana.
UBURYO BWO GUKOMEZA 31
GUKURIKIRA YESU
Soma imirongo yo muri Bibiliya
(ni yo Jambo ry’Imana) imisi yose,
uyihishe mu mutima wawe mu gu-
fata mu bwenge imirongo igufasha.
(Urabona imirongo myiza myinshi
mur’ aka gatabo.)
Ivyanditswe vyose vyahume-
tswe n’Imana, kandi bigira
ikimazi co kwigisha umuntu,
no kumuhana, no kumutunga-
nya, no kumutoza indero nziza
mu kugororoka.
—2 Timoteyo 3:16
29
34 IVYAGEZWE CUMI VY’IMANA BITWIGISHA
UKO DUKWIYE KUMERA MU BUGINGO BWACU
(Kuvayo 20)
Ivyagezwe Bine Bibanza Bivuga Ivy’ Uko Dukunda Imana
1. Ntukagire izindi mana umbangikanya.
2. Ntukibazire igishushanyo, canke igisa n’ishusho
y’ikintu na kimwe . . . ; ntuze uvyikubite imbere, ntuze
ubisabe.
3. Ntugapfe kuvuga izina ryanje, jewe Uhoraho Imana
yawe, ku vy’ubusabusa.
4. Wibuke kuziririza umusi w’isabato.
Ivyagezwe Bitandatu Bisigaye Bivuga Ivy’ Uko Dukunda
Abantu
IVYAGEZWE CUMI (bikomeza) 35
5. Wubahe so na nyoko.
6. Ntukice.
7. Ntugasambane. (Gusambana n’ukuryamana n’uwo
mutarongoranye.)
8. Ntukibe.
9. Ntukagirize ibinyoma mugenzawe.
10. Ntukifuze . . . ikintu na kimwe ca mugenzawe.
NI TWUMVIRA IMANA BITUMA
DUHABWA IVYO DUSAVYE
Kandi ico dusaba cose tugihabwa na yo, kuko twitondera
ivyagezwe vyayo, tugakora ibishimwa imbere yayo.
—1 Yohana 3:22
36 IVYAGEZWE BIBIRI BISUMBA
IBINDI VYOSE
Gukunda Imana
1. [Yesu] aramwishura ati: Mukundishe Uhoraho Imana
yanyu imitima yanyu yose n’ubugingo bwanyu bwose
n’ubwenge bwanyu bwose. Iryo ni ryo rihambaye rya
mbere. —Matayo 22:37, 38
Gukunda Abantu
2. Hari irindi rya kabiri rimeze nka
ryo, n’iri: Mukunde bagenzi banyu
nk’uko mwikunda. —Matayo 22:39
Ivyagezwe Cumi vyose (ku mpapuro za 34
na 35) birapoperanijwe mur’ivyo Bibiri
Bisumba Ibindi Vyose.
URUKUNDO RUSUMBA IBINDI 37
BINTU VYOSE
Igice gikuru kivuga ivy’ urukundo
(1 Ab’i Korinto 13:1-8,13)
1Naho novuga indimi z’abantu n’iz’ abamarayika,
ariko ntagira urukundo, noba ncitse umuringa uvuga,
canke icuma kivuzwa kigasama. 2Kandi naho nogira
ingabire yo kuvugishwa n’Imana, nkamenya amaba-
nga yose, n’ubwenge bwose, kandi naho nogira ukwi-
zera kwose, ngashobora gukuraho imisozi, ariko nta-
gira urukundo, noba ndi ubusa. 3Kandi naho notanga
ivyanje vyose, ngo ngaburire aboro, kandi naho
notanga umubiri wanje ngo nturirwe, ariko ntagira
urukundo, nta co vyommarira. 4Urukundo rurihangana,
rugira neza, urukundo ntirugira ishari, urukundo
ntirwihayagiza, ntirwihimbaza, 5ntirukora ibiteye
isoni, ntirurondera ivyarwo, ntirwiciraho, ntirwi-
yumvira ikibi ku bantu, 6ntirunezererwa ukugabitanya
kw’abandi, ariko runezeranwa n’ukuri: 7rurenzako
muri vyose, rwizera vyose, rwizigira vyose, rwi-
hanganira vyose. 8Urukundo nta ho rushira.
Ukuvugishwa n’Imana kuzokurwaho, ukuvuga izindi
ndimi kuzogira iherezo, ubwenge buzokurwaho.
13None rero hagumyeho ukwizera, n’ivyizigiro, n’uru-
kundo, ivyo uko ari bitatu: ariko ikibiruta n’urukundo.
IMANA N’URUKUNDO
. . . Imana n’urukundo; kand’ uwuguma mu rukundo
aguma mu Mana, Imana ikaguma muri we.
—1 Yohana 4:16
38 YESU AGOMBA KO UMUSHINGIRA 39
INTAHE MU BANDI
(ur’ imuhira, canke mw ishuli,
canke mu rusengero, ndetse n’a-
handi hose)
Yesu yaravuze ati: Ja i
muhira i wawe mu b’i wanyu,
ubabarire ivyo Umwami
Imana igukoreye vyose,
kand’ ingene ikugiriye iki-
gongwe. —Mariko 5:19
40 UKO UMWANA W’IMANA
W’UKURI AMENYEKANA
Ni mwagiriranira urukundo, ni ho bose bazomenya ko mur’
abigishwa banje. —Yohana 13:35
Ariko ivyo Mpwemu yama n’urukundo, umunezero, ama-
horo, ukwihangana, kugira neza, ingeso nziza, kuba umwi-
zigirwa, ubugwaneza, ukwirinda . . . . —Ab’i Galatiya 5:22, 23
UMWANA W’IMANA W’UKURI AHARIRA ABANDI
Kuko ni mwaharira abantu ivyaha vyabo, na So wo mw
ijuru azobaharira namwe. —Matayo 6:14
IBINTU NDWI IMANA YANKA
Amaso y’ubwibone n’ururimi rw’ibinyoma, n’amaboko
avisha amaraso y’aberanda; n’umutima ugera imigabo
mibi, n’ibirenge vyihutira kwirukira ikibi; n’icabona c’ibi-
nyonma kivuga ivy’ubuhumvyi, n’uwuvyura imitongano
mu bavukana. —Imigani 6:17-19
IBIKORWA VY’AKAMEREMERE:
. . . Ubushakanyi, ibihumanya
[n’ukuryamana n’uwo mutarongora-
nye] . . . gusenga ibigirwamana, ubu-
rozi, ubwansi, . . . uburake, ikeba . . .
igono, kuborerwa, kudandahirwa,
n’ibindi ben’ ivyo. . . abakora ibisa
birtyo ntibazoragwa ubwami
bw’Imana. —Ab’i Galatiya 5:19-21
. . . Canke abagabo bendwa, canke
abagabo bendana, canke ibisuma,
canke abifuza .... —1 Ab’i Korinto 6:9, 10
EMERA KO YESU AKWUZUZA MPWEMU WIWE AKAKOZA
Kandi bamwe muri mwebwe ni ko mwari muri: ariko mwa-
ruhagiwe, ariko mwarejejwe . . . mw izina ru’Umwami Yesu
Kristo no muri Mpwemu w’lmana yacu. —1 Ab’i Korinto 6:11
41
42 UMURIRO UDASHIRA N’AHANTU
HARIHO VY’UKURI
(Soma Luka 16:19-26.)
N’umenye neza ko wizeye
Yesu Kristo vy’ukuri.
Azokwandika izina ryawe
mu Gitabo ciwe c’Ubugingo.
Kand’ umuntu wese
atabonetse ko yanditswe
muri ca gitabo c’ubugi-
ngo atererwa mur’ ico
kiyaga caka umuriro.
—Ivyahishuwe 20:15
YESU NI WE NZIRA IMWE YONYENE 43
IJA KU MANA
. . . Imana yaduhaye ubugingo budashira, kandi ubwo
bugingo buri mu Mwana wayo. —1 Yohana 5:11
Ingero y’icaha n’urupfu; ariko ingabire y’Imana
n’ubugingo budashira, bubonerwa muri Kristo Yesu
Umwami wacu —Abaroma 6:23
Uwizeye Umwana arafise ubugingo budashira, ariko
uwutumvira Umwana ntazobona ubugingo, ariko ubu-
rake bw’lmana buguma kuri we. —Yohana 3:36
Yesu aramubwira ati: Ni jewe nzira n’ukuri n’ubugi-
ngo: nta wushika kuri Data ntamujanye. —Yohana 14:6
44 MW IJURU N’AHANTU HARIHO VY’UKURI
Mu vyo Yohana yeretswe vyanditswe mu
Vyahishuwe 21, yabonye ijuru risha n’isi
nsha. [Imana] izohanagura amosozi yose
ku maso yabo, kand’ urupfu ntiruzoba
rukiriho, kand’ amaborogo no gutaka
n’uburibwe ntibizoba bikiriho: kuko ivya
mbere bishize. Iyivyagira kuri ya ntebe
iravuga iti: Raba vyose ndabihindura
bisha. . . . —Ivyahishuwe 21:4, 5
Yohana yabonye n’Umurwa Wera, wururu-
ka uvuye mw ijuru. . . . Umurwa wari iza-
habu ishize inkamba imeze nk’ibirahuri bishize inkamba
nyene. Amatanguriro y’urugo rwa wa murwa yari asharijwe
n’amabuye y’amoko yose y’utubuyenge tw’igiciro kinini . . . .
—Ivyahishuwe 21:18, 19
YESU YARAGIYE GUTEGURIRA 45
ABAMWIZERA BOSE AHABO
“Ntimuhagarike imitima yanyu, mwizere Imana, nanje
munyizere. I muhira kwa Data hari amazu menshi, iyo aba
atariho, mba ndabibabwiye, kuko ngiye kubategurira
ahanyu. Kandi ko ngiye kubategurira ahanyu, nzogaruka
kubajana i wanje, ngo aho ndi namwe abe ari ho muba.”
—Yohana 14:1-3
UMENYESHE ABANDI IZO NKURU NZIZA
Yesu yaravuze ati: Mugende muje mu bihugu vyose, mu-
bwire abaremwe bose ubutumwa bwiza. —Marcos 16:15
. . . Uwufise ubwenge ahindura imitima y’abantu.
—Imigani 11:30
TABARA !
YESU
Ivyo
Mpwemu
yama
Ibikorwa
vy’akamere-
mere
46 AMASEZERANO IMANA
ISEZERANIRA ABANA BAYO
. . . Nta ho nzoguhemukira, nta ho nzoguta.
—Abaheburayo 13:5
Kuko azokuragiza abamarayika biwe, ngo
bakuzigame mu nzira zawe zose
—Zaburi 91:11
. . . Umve, ndi kumwe namwe imisi yose,
gushitsa ku muhero w’isi. —Matayo 8:20
Ntutinye ivyo ugira ubabazwe. . . .
Wame uyoboka gushitsa ku gupfa,
nanje nzoguha igitsibo c’ubugingo.
—Ivyahishuwe 2:10
Mpamagara, nanje nzokwitaba . . . .
—Yeremiya 33:3
YESU AZOGARUKA 47
Abantu bose bazozurwa bave mu bapfuye.
. . . Igihe kija kuza, aho abari mu mva bose bazokwumvira
ijwi ryiwe, bakazivamwo; abakoze ivyiza bakazukira ubu-
gingo, abakoze ibibi bakazukira gucirwako iteka.
—Yohana 5:28, 29
Abapfiriye muri Kristo bazobanza kuzuka.
. . . Maze natwe abazoba bakiriho, dusi-
gaye, tuzoca duteruranwa na bo mu bicu,
dusanganirire Umwami mu kirere. Ni ho
tuzokwama tubana n’Umwami.
—1 Ab’i Tesalonike 4:17
. . . Mube maso, musenge; kuko mutazi
igihe bizoshikira. —Mariko 13:33
48 YESU AZOZA ATE?
Ehe arazanana n’ibicu, kand’ ijisho ryose
rizomwibonera . . . . —Ivyahishuwe 1:7
Mwirinde abiyita kristi batari we, bo n’abahanuzi
b’ibinyoma. . . . Ni hagira umuntu ababwira ati:
Ehe Kristo ari hano, canke ati: Ari harlya:
ntimuze muvyemere. . . . Ni bababwira bati:
Ehe ari mu bugaragwa, ntimuze mujeyo;
canke, ngo Ari haruguru mu mpete, mtimuze
muvyemere. —Matayo 24:23, 26
YESU AZOZA GITURUMBUKA ARI MU BICU VYO MW IJURU
Amoko yose yo mw isi . . . bazobona Umwana w’umuntu
aje mu bicu vyo kw ijuru ari n’ububasha n’ubwiza bwinshi.
—Matayo 24:30
ZABURI Y’UMWUNGERE
(Zaburi 23)
1Uhoraho ni we mwungere wanje, sinzokena. 2Amvya-
giza mu canya c’ubwatsi butotahaye: andongorera i ru-
hande y’amazi adasuma: 3Aremesha umutima wanje.
Anyobora mu nzira zo kugororoka kubw’ izina ryiwe.
4Mbere naho noca mu mwonga w’igitutu c’urupfu si-
nzogira ikibi ntinya; kuko uri kumwe nanje; inyobozo
yawe n’ubuhiri bwawe ni vyo bimpumuriza. 5Untegurira
ameza mu maso y’abansi banje; wansize amavuta mu
mutwe; igikombe canje kirasesekaye.
6N’ukuri ivyiza n’imbabazi bizonyomako imisi yose
y’ukubaho kwanje, nanje nzoba mu ngoro y’Uhoraho
ibihe vyose.
If you are interested in receiving additional Scripture booklets,
write to the publisher in English.
World Missionary Press, Inc.
P.O Box 120
New Paris, Indiana 46553 U.S.A.
Aka gatabo gatangwa ku buntu –
ntigakwiye kugurishwa
2219 Kirundi WTG
3-10

More Related Content

What's hot

Let’s praise the lord! kreyol
Let’s praise the lord! kreyolLet’s praise the lord! kreyol
Let’s praise the lord! kreyolWorldBibles
 
Abau bible mark 1 1-4
Abau bible   mark 1 1-4Abau bible   mark 1 1-4
Abau bible mark 1 1-4EternalWord
 
Atalaya 26 sep 02oct11
Atalaya 26 sep 02oct11Atalaya 26 sep 02oct11
Atalaya 26 sep 02oct11axell78
 
Making a stand in a slippery world
Making a stand in a slippery worldMaking a stand in a slippery world
Making a stand in a slippery worldVan Nagac
 
Kriol four laws
Kriol   four lawsKriol   four laws
Kriol four lawsFreeBibles
 
Help from above bassari
Help from above bassariHelp from above bassari
Help from above bassariWorldBibles
 
The birth of our lord in swahili
The birth of our lord in swahiliThe birth of our lord in swahili
The birth of our lord in swahiliMartin M Flynn
 
Quechua pastaza bible - new testament
Quechua  pastaza bible - new testamentQuechua  pastaza bible - new testament
Quechua pastaza bible - new testamentHolyBibles
 
Ifugao antipolo bible - new testament
Ifugao  antipolo bible - new testamentIfugao  antipolo bible - new testament
Ifugao antipolo bible - new testamentBiblesForYOU
 
Ifugao antipolo bible - new testament
Ifugao  antipolo bible - new testamentIfugao  antipolo bible - new testament
Ifugao antipolo bible - new testamentBiblesForYOU
 
Qhia kev ntseeg rooj xib hwb zos Vib Nais
Qhia kev ntseeg rooj xib hwb zos Vib NaisQhia kev ntseeg rooj xib hwb zos Vib Nais
Qhia kev ntseeg rooj xib hwb zos Vib Naismuaslauj
 
Благословення вірного служителя - Василь Фурта на Ісуса Навина 23
Благословення вірного служителя - Василь Фурта на Ісуса Навина 23Благословення вірного служителя - Василь Фурта на Ісуса Навина 23
Благословення вірного служителя - Василь Фурта на Ісуса Навина 23Ірпінська Біблійна Церква
 
Materi acara dadakan
Materi acara dadakanMateri acara dadakan
Materi acara dadakanKanda Aprial
 

What's hot (15)

Let’s praise the lord! kreyol
Let’s praise the lord! kreyolLet’s praise the lord! kreyol
Let’s praise the lord! kreyol
 
Abau bible mark 1 1-4
Abau bible   mark 1 1-4Abau bible   mark 1 1-4
Abau bible mark 1 1-4
 
Atalaya 26 sep 02oct11
Atalaya 26 sep 02oct11Atalaya 26 sep 02oct11
Atalaya 26 sep 02oct11
 
Making a stand in a slippery world
Making a stand in a slippery worldMaking a stand in a slippery world
Making a stand in a slippery world
 
Kriol four laws
Kriol   four lawsKriol   four laws
Kriol four laws
 
Sabi foe zeker joe sa go na hemel
Sabi foe zeker joe sa go na hemelSabi foe zeker joe sa go na hemel
Sabi foe zeker joe sa go na hemel
 
Help from above bassari
Help from above bassariHelp from above bassari
Help from above bassari
 
The birth of our lord in swahili
The birth of our lord in swahiliThe birth of our lord in swahili
The birth of our lord in swahili
 
Quechua pastaza bible - new testament
Quechua  pastaza bible - new testamentQuechua  pastaza bible - new testament
Quechua pastaza bible - new testament
 
Ifugao antipolo bible - new testament
Ifugao  antipolo bible - new testamentIfugao  antipolo bible - new testament
Ifugao antipolo bible - new testament
 
Ifugao antipolo bible - new testament
Ifugao  antipolo bible - new testamentIfugao  antipolo bible - new testament
Ifugao antipolo bible - new testament
 
Qhia kev ntseeg rooj xib hwb zos Vib Nais
Qhia kev ntseeg rooj xib hwb zos Vib NaisQhia kev ntseeg rooj xib hwb zos Vib Nais
Qhia kev ntseeg rooj xib hwb zos Vib Nais
 
Zielenwinnen les 4
Zielenwinnen les 4Zielenwinnen les 4
Zielenwinnen les 4
 
Благословення вірного служителя - Василь Фурта на Ісуса Навина 23
Благословення вірного служителя - Василь Фурта на Ісуса Навина 23Благословення вірного служителя - Василь Фурта на Ісуса Навина 23
Благословення вірного служителя - Василь Фурта на Ісуса Навина 23
 
Materi acara dadakan
Materi acara dadakanMateri acara dadakan
Materi acara dadakan
 

Viewers also liked

The way to god burmese
The way to god burmeseThe way to god burmese
The way to god burmeseWorldBibles
 
Help from above tamil
Help from above tamilHelp from above tamil
Help from above tamilWorldBibles
 
How to know god malayalam
How to know god malayalamHow to know god malayalam
How to know god malayalamWorldBibles
 
The way to god vietnamese
The way to god vietnameseThe way to god vietnamese
The way to god vietnameseWorldBibles
 
The holy bible_in_swedish
The holy bible_in_swedishThe holy bible_in_swedish
The holy bible_in_swedishWorldBibles
 
Yiddish gospel tract
Yiddish   gospel tractYiddish   gospel tract
Yiddish gospel tractWorldBibles
 
A bible study on romans mongolian
A bible study on romans mongolianA bible study on romans mongolian
A bible study on romans mongolianWorldBibles
 
Help from above tibetan
Help from above tibetanHelp from above tibetan
Help from above tibetanWorldBibles
 
A bible study on revelation russian
A bible study on revelation russianA bible study on revelation russian
A bible study on revelation russianWorldBibles
 
The way to god miskito
The way to god miskitoThe way to god miskito
The way to god miskitoWorldBibles
 
The holy bible in farsi persian new testament
The holy bible in farsi persian new testamentThe holy bible in farsi persian new testament
The holy bible in farsi persian new testamentWorldBibles
 
A bible study on john mongolian
A bible study on john mongolianA bible study on john mongolian
A bible study on john mongolianWorldBibles
 
Help from above marwari
Help from above marwariHelp from above marwari
Help from above marwariWorldBibles
 
Who am i that a king would die in my place afrikaans
Who am i that a king would die in my place afrikaansWho am i that a king would die in my place afrikaans
Who am i that a king would die in my place afrikaansWorldBibles
 
The holy bible_in_indonesian_(bahasa_indonesia_seharihari)
The holy bible_in_indonesian_(bahasa_indonesia_seharihari)The holy bible_in_indonesian_(bahasa_indonesia_seharihari)
The holy bible_in_indonesian_(bahasa_indonesia_seharihari)WorldBibles
 
The way to god hungarian
The way to god hungarianThe way to god hungarian
The way to god hungarianWorldBibles
 
The way to god tagalog
The way to god tagalogThe way to god tagalog
The way to god tagalogWorldBibles
 
Bible in croatian_-_biblija_-_old_+_new_testament
Bible in croatian_-_biblija_-_old_+_new_testamentBible in croatian_-_biblija_-_old_+_new_testament
Bible in croatian_-_biblija_-_old_+_new_testamentWorldBibles
 

Viewers also liked (18)

The way to god burmese
The way to god burmeseThe way to god burmese
The way to god burmese
 
Help from above tamil
Help from above tamilHelp from above tamil
Help from above tamil
 
How to know god malayalam
How to know god malayalamHow to know god malayalam
How to know god malayalam
 
The way to god vietnamese
The way to god vietnameseThe way to god vietnamese
The way to god vietnamese
 
The holy bible_in_swedish
The holy bible_in_swedishThe holy bible_in_swedish
The holy bible_in_swedish
 
Yiddish gospel tract
Yiddish   gospel tractYiddish   gospel tract
Yiddish gospel tract
 
A bible study on romans mongolian
A bible study on romans mongolianA bible study on romans mongolian
A bible study on romans mongolian
 
Help from above tibetan
Help from above tibetanHelp from above tibetan
Help from above tibetan
 
A bible study on revelation russian
A bible study on revelation russianA bible study on revelation russian
A bible study on revelation russian
 
The way to god miskito
The way to god miskitoThe way to god miskito
The way to god miskito
 
The holy bible in farsi persian new testament
The holy bible in farsi persian new testamentThe holy bible in farsi persian new testament
The holy bible in farsi persian new testament
 
A bible study on john mongolian
A bible study on john mongolianA bible study on john mongolian
A bible study on john mongolian
 
Help from above marwari
Help from above marwariHelp from above marwari
Help from above marwari
 
Who am i that a king would die in my place afrikaans
Who am i that a king would die in my place afrikaansWho am i that a king would die in my place afrikaans
Who am i that a king would die in my place afrikaans
 
The holy bible_in_indonesian_(bahasa_indonesia_seharihari)
The holy bible_in_indonesian_(bahasa_indonesia_seharihari)The holy bible_in_indonesian_(bahasa_indonesia_seharihari)
The holy bible_in_indonesian_(bahasa_indonesia_seharihari)
 
The way to god hungarian
The way to god hungarianThe way to god hungarian
The way to god hungarian
 
The way to god tagalog
The way to god tagalogThe way to god tagalog
The way to god tagalog
 
Bible in croatian_-_biblija_-_old_+_new_testament
Bible in croatian_-_biblija_-_old_+_new_testamentBible in croatian_-_biblija_-_old_+_new_testament
Bible in croatian_-_biblija_-_old_+_new_testament
 

More from WorldBibles

Let’s praise the lord! english
Let’s praise the lord! englishLet’s praise the lord! english
Let’s praise the lord! englishWorldBibles
 
How to know god thai
How to know god thaiHow to know god thai
How to know god thaiWorldBibles
 
How to know god persian farsi
How to know god persian farsiHow to know god persian farsi
How to know god persian farsiWorldBibles
 
How to know god miskito
How to know god miskitoHow to know god miskito
How to know god miskitoWorldBibles
 
How to know god kannada
How to know god kannadaHow to know god kannada
How to know god kannadaWorldBibles
 
How to know god hausa
How to know god hausaHow to know god hausa
How to know god hausaWorldBibles
 
How to know god georgian
How to know god georgianHow to know god georgian
How to know god georgianWorldBibles
 
How to know god ewe
How to know god eweHow to know god ewe
How to know god eweWorldBibles
 
How to know god estonian
How to know god estonianHow to know god estonian
How to know god estonianWorldBibles
 
How to know god english
How to know god englishHow to know god english
How to know god englishWorldBibles
 
How to know god chinese simplified
How to know god chinese simplifiedHow to know god chinese simplified
How to know god chinese simplifiedWorldBibles
 
How to know god ateso
How to know god atesoHow to know god ateso
How to know god atesoWorldBibles
 
How to know god arabic
How to know god arabicHow to know god arabic
How to know god arabicWorldBibles
 
Help from above urdu
Help from above urduHelp from above urdu
Help from above urduWorldBibles
 
Help from above traditional chinese
Help from above traditional chineseHelp from above traditional chinese
Help from above traditional chineseWorldBibles
 
Help from above thai
Help from above thaiHelp from above thai
Help from above thaiWorldBibles
 
Help from above telugu
Help from above teluguHelp from above telugu
Help from above teluguWorldBibles
 
Help from above sundanese
Help from above sundaneseHelp from above sundanese
Help from above sundaneseWorldBibles
 
Help from above polish
Help from above polishHelp from above polish
Help from above polishWorldBibles
 
Help from above nepali
Help from above nepaliHelp from above nepali
Help from above nepaliWorldBibles
 

More from WorldBibles (20)

Let’s praise the lord! english
Let’s praise the lord! englishLet’s praise the lord! english
Let’s praise the lord! english
 
How to know god thai
How to know god thaiHow to know god thai
How to know god thai
 
How to know god persian farsi
How to know god persian farsiHow to know god persian farsi
How to know god persian farsi
 
How to know god miskito
How to know god miskitoHow to know god miskito
How to know god miskito
 
How to know god kannada
How to know god kannadaHow to know god kannada
How to know god kannada
 
How to know god hausa
How to know god hausaHow to know god hausa
How to know god hausa
 
How to know god georgian
How to know god georgianHow to know god georgian
How to know god georgian
 
How to know god ewe
How to know god eweHow to know god ewe
How to know god ewe
 
How to know god estonian
How to know god estonianHow to know god estonian
How to know god estonian
 
How to know god english
How to know god englishHow to know god english
How to know god english
 
How to know god chinese simplified
How to know god chinese simplifiedHow to know god chinese simplified
How to know god chinese simplified
 
How to know god ateso
How to know god atesoHow to know god ateso
How to know god ateso
 
How to know god arabic
How to know god arabicHow to know god arabic
How to know god arabic
 
Help from above urdu
Help from above urduHelp from above urdu
Help from above urdu
 
Help from above traditional chinese
Help from above traditional chineseHelp from above traditional chinese
Help from above traditional chinese
 
Help from above thai
Help from above thaiHelp from above thai
Help from above thai
 
Help from above telugu
Help from above teluguHelp from above telugu
Help from above telugu
 
Help from above sundanese
Help from above sundaneseHelp from above sundanese
Help from above sundanese
 
Help from above polish
Help from above polishHelp from above polish
Help from above polish
 
Help from above nepali
Help from above nepaliHelp from above nepali
Help from above nepali
 

The way to god kirundi

  • 1. ©1994 ya Rose Stair Goodman. Ishusho yo ku gipfukisho yakozwe na Edwin B. Wallace. Meryl Esenwein yakoze ayo kuri iyi page no kuri pages 10, 12, 14, 16, 27, 29, 39, 41, 42, 44, 46, 47, na 48. Imirongo yo muri Bibiliya yavuye muri Bibiliya Yera ya 1967, © British and Foreign Bible Society. IMANA YAREMYE IYI SI YACU 1 N’IBIFISE UBUGINGO VYOSE Ubwa mbere na mbere Imana yaremye ijuru n’isi. —Itanguriro 1:1 Kuko muri we ari ho vyose vyaremewe, ivyo mw ijuru n’ivyo mw isi . . . . —Ab’i Kolosayi 1:16 Muhawe umugisha n’Uhoraho, yaremye ijuru n’isi. Amajuru n’amajuru n’ay’ Uhoraho, ariko isi yayihaye abana b’abantu. —Zaburi 115:15, 16 Isi yari itunganye rwose igihe Imana yayihereye abantu. Komeza usome mur’ aka gatabo kugira ngo umenye ivyabaye inyuma y’aho. 2 IMANA YARATUREMYE Imana iravuga iti: Tureme umuntu mw ishusho yacu, ase natwe; aganze . . . n’isi yose . . . . —Itanguriro 1:26 UMUNTU YABAYE UWUFISE UBUGINGO 3 Uhoraho Imana abumba umuntu mu mukungugu wo hasi, amuhumekera mu mazuru impwemu y’ubugingo; umuntu aca aba uwufise ubugingo*. —Itanguriro 2:7 Uhoraho Imana aravuga ati: Si vyiza k’uyu muntu yibana wenyene; hinge ndamuronderere umufasha bi- skwiranye . . . . Maze Uhoraho Imana asinziriza uwo muntu ubutikoma, arasinzira; amukuramwo urubavu rumwe, ahomeka inyama mu gishingo carwo. Urwo rubavu Uhoraho Imana akuye mur’ uwo muntu, arukuramwo umugore, amuzanira uwo muntu. —Itanguriro 2:18, 21, 22 *Kugira ubugingo n’ukuvuga ko tuzobaho ibihe bidashira. Inzira Ija ku Mana
  • 2. 4 ADAMU NA EVA NTIBUMVIYE IMANA Nta ho dukwiye kwumvira ijwi rya Satani. Uhoraho Imana ajana wa muntu, amushira mur’ iryo tongo ryo muri Edeni, ngo aririme, arizigame. Uhoraho Imana abarira uwo muntu ati: Igiti cose co mur’ iryo tongo ukiryeko uko ugomba; ariko igiti kimenyekanisha iciza n’ikibi ntuze ukiryeko: kuko umusi wakiriyeko, uzopfa nta kabuza. —Itanguriro 2:15-17 INZOKA, YITWA KANDI UMURWANIZI CANKE SATANI, YAKEKERANIJE UBUBASHA BW’IMANA, IKONGERAKO IBESHA. Iyo nzoka yishura uwo mugore iti: Haba n’intete ntimu- zopfa. Uwo mugore abonye ico giti yuko ari ikibereye kuribwa, kandi ko gihimbaye mu jisho, ari igiti co kwifuzwa kimenyesha ubwenge, yamura ku vyo camye, arabirya, ahako n’umugabo wiwe . . . na we ararya. —Itanguriro 3:4, 6 5 6 ADAMU NA EVA BABUJIJWE KUGUMA MURI EDENI . . . Uhoraho Imana amukura mur’ iryo tongo ryo muri Edeni, ngo aje kurima ivu yakuwemwo . . . . Ahashira abake- rubi, bo n’inkota yaka umuriro . . . ngo itangire inzira ija kuri ca giti c’ubugingo. —Itanguriro 3:23, 24 UMUSI ADAMU NA EVA BACUMUYEKO 7 WABEREYE ABANTU BOSE UMUSI W’UMUBABARO . . . N k’uko icaha cazanywe mw isi n’umuntu umwe, urupfu rukazanwa n’icaha, ni ko urupfu rushika ku bantu bose . . . . —Abaroma 5:12 Ikintu Dukwiye Kwibuka Umuntu wese avukana kameremere k’icaha, kandi hazoza igihe azopfira kuko urupfu rwazanywe n’icaha. 8 IMIGABO Y’IMANA YO KUDUKIZA IVYAHA YARI UGUTUMA UMWANA WAYO W’IKINEGE Azovyara umwana w’umuhungu, nawe uze umwite YESU, kuko ari we azokiza abantu biwe ivyaha vyabo. —Matayo 1:21 Kugira ngo abe umuntu, Umwana w’Imana yari akwiye kuvuka nk’uruyoya rw’umuntu. Kuko muri we [Kristo Yesu] ari ho haba ukunengesera kwose kw’Ubumana mu buryo bw’umubiri. —Ab’i Kolosayi 2:9 YESU N’IMANA— 9 AFISE ISHUSHO Y’UMUNTU Ubwa mbere na mbere Jambo yariho, kandi Jambo yahoranye n’Imana, kandi uwo Jambo yari Imana . . . . kandi uwo Jambo yihaye umubiri, abana natwe . . . . —Yohana 1:1, 14 Ivyo vyose vyabaye birtyo ngo ivyo Umwami Imana yavuze . . . biboneke, ngo Raba, inkumi izotwara inda, ivyare umwana w’umuhungu, bazomwita Imanuweli, risobanurwa ngo Imana iri kumwe natwe. —Matayo 1:22, 23 Kuko umwana atuvukiye, duhawe umwana w’umuhungu; ubutware buzoba ku bitugu vyiwe; azokwitwa Igitangaza, Umujanama, Imana y’ubushobozi, Data wa twese ahoraho, Umukama w’amahoro. —Yesaya 9:6
  • 3. 10 YESU KRISTO— IKIMAZI GITUNGANYE CADUTANGIWE Umwe atigeze kumenya icaha . . . . —2 Ab’i Korinto 5:21 We nta caha yakoze . . . . —1 Petero 2:22 Nta kimazi umuntu yoshobora gutanga cari GITUNGANYE ngo gishobore gukuraho ivyaha. Kuko bidashoboka ko amaraso y’amapfizi n’ay’impene akuraho ivyaha. —Abaheburayo 10:4 Yesu ni we Mwagazi w’intama w’Imana. “Nguyu Umwagazi w’i- ntama w’Imana ukuraho icaha c’abari mw isi." —Yohana 1:29 YESU YATANZE UBUGINGO 11 BWIWE KUGIRA NGO ADUKIZE Yesu yabambiwe ku musaraba w’igiti kuko abantu b’inkazi bamwanka. Ariko urupfu rwiwe rwari mu migabo y’Imana. Yesu yatanze ubugingo bwiwe avyigombeye kugira ngo adukize ivyaha vyacu, wewe nanje. Yesu yaravuze ati: Nta n’umwe abunyaka [ubugingo bwanje], kuko mburekura kubwanje; mfise ububasha bwo kuburekura, mfise n’ububasha bwo gusubira kubwabira. —Yohana 10:18 TURACUNGURWA N’AMARASO Y’UMWAGAZI W’INTAMA W’IMANA . . . Ivyo mwacungujwe . . . ntivyari ibishira, nk’ifeza canke izahabu, ariko mwacungujwe amaraso y’igiciro kinini, nk’ay’ umwagazi w’intama utagira agasembwa canke ibara, ni yo ya Kristo. —1 Petero 1:18, 19 Nta bindi bimazi bishobora gukuraho ivyaha. 12 Nuko none tumaze gutsindanishirizwa [kubarwa ko tugororotse] n’amaraso yiwe, tuzorushiriza guheshwa na we gukizwa uburake bw’Imana. —Abaroma 5:9 Uyu mwambuzi yizeye Yesu agakizwa. “ . . . Ndakubwi re ukuri: Uyu musi urabana nanje muri Paradiso.” —Luka 23:43 Uyu mwambuzi ntiyizeye Yesu, bituma adakizwa. “. . . Urahava uze unyibuke, Yesu, ah’uzozira mu bwami bwawe.” —Luka 23:42 . . . Kristo yadupfiriye tukiri abanyavyaha [tutumviye Imana]. —Abaroma 5:8 ABIZERA UMWANA W’IMANA BOSE 13 BAFISE UBUGINGO Kuko urukundo Imana yakunze abari mw isi ari rwo rwatumye itanga Umwana wayo w’ikinege, ngo uwumwizera wese ntaze apfe rubi, ariko ahabwe ubugingo budashira. —Yohana 3:16 Yadukijije ububasha bw’umwiza, atwimurira mu bwami bw’Umwana wiwe akunda. Mur’ uwo ni ho dufise ugucu- ngurwa, ni kwo guharirwa ivyaha vyacu. —Ab’i Kolosayi 1:13, 14 14 “YARAZUTSE!” Ariko umumarayika abwira ba bagore ati: Mweho ntimutinye, kuko nzi ko murondera Yesu, umwe yabambwa; ntari hano, kuko yazutse, nk’uko yavuze. Ngo murabe aho Umwami yari aryamye. —Matayo 28:5, 6 YESU YAZUTSE AVUYE MU BAPFUYE 15 “ . . . Ndi muzima; nari narapfuye, kandi raba mpora ndi muzima ibihe bitazoshira, mfise impfunguzo z’urupfu n’iz’i kuzimu.” —Ivyahishuwe 1:18 “ . . . Kuko ndiho, namwe muzobaho.” —Yohana14:19 Kuko Kristo yanesheje urupfu, akaba afise imfunguzo z’urupfu, ntitukiba dukwiye gutinya urupfu. Igihe cose ntinye nzokwizigira. —Zaburi 56:3 (Raba urupapuro rwa 46 kugira ngo ubone ayandi masezerano y’Imana.) YESU ASHOBORA KUGUKIZA KANDI ARAGUSABIRA Ariko uyo we, kuko yamaho ibihe bidashira, . . . ashobora gukiza rwose abashikira Imana kubwiwe, kuko na ntaryo yamaho ngo abasabire —Abaheburayo 7:24, 25
  • 4. 16 DUSHOBORA GUHABWA UBUGINGO BUDASHIRA, WEWE NANJET Uyu muhungu ahisemwo neza inzira ija ku bugingo budashira. Mbega WEHO ukurikira iyihe nzira? Yesu Kristo ni we NZIRA ija ku BUGINGO budashira no ku kubana n’Imana. Satani ni we nzira ija ku RUPFU rudashira. “. . . Uyu musi ni mwitoranirize uwo muzosaba . . . . ” —Yosuwa 24:15 “. . . Nuko ni muhitemwo ubugingo, kugira ngo mubone kubaho, mwe n’uruvyaro rwanyu.” —Gusubira mu Vyagezwe 30:19 YESU NI WE NZIRA IJA KU BUGINGO BUDASHIRA Kandi nta wundi agakiza kabonerwamwo, kuko ata rindi zina musi y’ijuru ryahawe abantu dukwiye gukirizwamwo. —Ivyakozwe 4:12 “Jewe, jewe nyene ndi Uhoraho; kandi nta wundi Mukiza atari jewe.” —Yesaya 43:11 UZOHITAMWO IYIHE? 17 18 N’IKI GITUMA DUKWIYE GUHITAMWO YESU NI TWAGOMBA UBUGINGO BUDASHIRA? 1. Kristo ni we yaje. “. . . Nanje jeho nazanywe no kugira ngo zironke ubugingo. . . . ” —Yohana 10:10 2. Kristo ni we yadukunze akadupfira. . . . Umwana w’Imana yankunze, akanyigura. —Ab’i Galatiya 2:20 Yesu yabaye umuntu agira amaraso n’inyama nkatwe, . . . ngo abone uko apfa, kandi urupfu rwiwe aruhindurishe ubusa uwufise ubushobozi bw’urupfu, ni we wa Murwanizi, kandi ngo arokore abajakariye ubwoba bw’urupfu bose, imisi yose y’ukubaho kwabo. —Abaheburayo 2:14, 15 3. Amaraso ya Yesu ni yo yonyene umuti udukiza ivyaha. . . . Amaraso n’impongano [azana uguharirwa], kubw’ ubugi- ngo buri muri yo. —Abalewi 17:11 . . . Amaraso ya Yesu Umwana wayo atwoza icaha cose. —1 Yohana 1:7 Mur’ uwo ni ho dufise ugucungurwa [ugukizwa], ni kwo guharirwa ivyaha vyacu. —Ab’i Kolosayi 1:14 19 4. Kristo ni we yazutse mu bapfuye. . . . Tuzi yuko Kristo, amaze kuzuka mu bapfuye, atagipfa, urupfu rutakimuganza. —Abaroma 6:9 Kandi icatumye apfira bose kwari ukugira ngo abariho babeho batacinezereza, ariko babeho banezereza uwa- bapfiriye, akabazukira. —2 Ab’i Korinto 5:15 Yesu yaravuze ati: . . . Kuko ndiho, namwe muzobaho. —Yohana 14:19 20 5. Dukwiye kuba dufise Mpwemu wa Kristo muri twebwe kugira ngo tuze tuzurirwe ubugingo budashira. Kristo ari muri mwebwe, ivyizigiro vyo kuzoronka ubwiza. —Ab’i Kolosayi 1:27c Ariko bisanzwe Mpwemu w’Iyazuye Yesu imukuye mu bapfuye aba muri mwebwe, Iyazuye Kristo Yesu imukuye mu bapfuye izozura n’imibiri yanyu ipfa, kubwa Mpwemu wayo aba muri mwebwe. —Abaroma 8:11 N’UMENYE NEZA KO MPWEMU WA KRISTO AKUBAMWO . . . Iyo umuntu adafise Mpwemu wa Kristo ntaba ari uwiwe [ntari uwa Kristo]. —Abaroma 8:9 21
  • 5. YESU AKUNDA ABANA BOSE 22 Arabarera, arabahezagira, abarambitsekw ibiganza. —Mariko 10:16 “Yes’ arankunda, ni we yampfiriye.” Maze Yesu arabahamagara ati: Ni mureke abana bato baze aho ndi, ntimubabuze: kuko ubwami bw’Imana ari ubw’ abameze bartyo. —Luka 18:16 Ni ko bidakundwa mu nyonga za So wo mw ijuru ko umwe mur’ abo bato apfa rubi [ashika mu muriro udashira]. —Matayo 18:14 Nta co bitwaye uw’uri we, canke ah’uba ah’ ari ho. Yesu aragu- kunda, kandi yaragupfiriye. Yesu agomba ko nawe umukunda. Ushobora kwerekana ko umukunda mu kumwumvira. “Ni mwankunda, muzokwitondera ivyagezwe vyanje.” —Yohana 14:15 N’umwana amenyekanira ku vyo akora . . . . —Imigani 20:11 24 UKO USHOBORA KUBONA INZIRA IGUSHIKANA KU MANA 1. Emera ko uri umunyavyaha (ko utumviye Imana). “Bose bakoze ivyaha, ntibashikira ubwiza bw’Imana.” —Abaroma 3:23 2. Egera Imana uciye muri Yesu Kristo. Kuko hari Imana imwe, kandi hari Umuhuza umwe w’Imana n’abantu, na we nyene n’umuntu, ni Kristo Yesu. —1 Timoteyo 2:5 Ni co gituma ashobora gukiza rwose abashikira Imana kubwiwe . . . . —Abaheburayo 7:25 Yesu yaravuze ati: . . . U woza kuri jewe sinomuhinda na gatoya. —Yohana 6:37 Nuko mwihane, muhindukire, ivyaha vyanyu bihanagurwe . . . . —Ivyakozwe 3:19 Umwami mana . . . yihanganira mwebwe, ntigomba ko hagira abahona, ariko igomba ko bose bihana. —2 Petero 3:9 4. Aturira Yesu ivyaha vyawe. (Kwatura n’ukubivuga, kuvyemera.) Ni twatura ivyaha vyacu, ni yo yo kwi- zigirwa kandi igoro- roka, ivyo ni vyo bituma iduharira ivyaha vyacu . . . . —1 Yohana 1:9 26 Kur’ iyi misitari andika amajambo yo muri 1 Yohana 1:9. Urayabona mw ishusho y’ibiganza iri ku rupapurorwa 25. _____________________________________________ _____________________________________________ _____________________________________________ _____________________________________________ 5. Reka ivyaha vyawe. (Kureka n’uguheba, kutabisubiramwo.) Uwupfukapfuka ibigabitanyo vyiwe ntazoronka umugisha, ariko uwuvyihana akabireka azogirirwa ikigongwe. —Imigani 28:13 Tandukana n’ibibi, ukore ivyiza . . . . —Zaburi 37:27 5. Izera Yesu Kristo 27 . . . Ni waturisha akanwa yuko Yesu ari Umwami, ukizera mu mutima yuko Imana yamuzuye imukuye mu bapfuye, uzokizwa. —Abaroma 10:9 . . . “Izere Umwami Yesu, urakira, mwe n’abo mu nzu yawe.” —Ivyakozwe 16:31 Ubuntu ni bwo bwabakijije kubw’ ukwizera; . . . n’ingabire y’Imana; ntivyavuye ku bikorwa, kugira ngo hoye kugira uwirarira. —Abanyefeso 2:8, 9 253. Wihane ivyaha vyawe. (Kwihana n’ukubabazwa n’ivyaha vyawe bituma wemera kubireka.) 25 23
  • 6. 28 7. Akira Yesu Kristo mu mutima wawe no mu bugingo bwawe. Ni wewe wenyene ushobora qukingu- ra urugi rw’umutima wawe no kwinjiza Yesu. Yesu yaravuze ati: Ehe mapagaze ku rugi, ndaramukije. Umuntu ni yumva ijwi ryanje, akugurura urugi, ndinjira i we, dusangire. —Ivyahishuwe 3:20 “Ariko abamwakiriye bose ya- bahaye ububasha bwo gucika abana b’lmana, ni bo bizeye izina ryiwe.” —Yohana 1:12 KUKURONGORA MU GUSENGA Namba uba utigeze gusenga, kandi wumva ko ugomba uwugu- fasha gusenga, ushobora gukurikira isengesho ryanditswe hano hepfo, rikurongore: Mwami Yesu nkunda, Ndagushimiye ko wampfiriye ku musaraba kugira ngo unku _ remo ivyaha vyanje. Ndababazwa n’ibibi vyose nakoze. Ndagusavye kuza wi- njira mu mutima wanje, ukambamwo ibihe vyose. Ndakwizeye ubu nyene ngo unyoze umutima. Ndakwakiriye ngo ube Umukiza wanje n’Umwami wanje. Ndabisavye mw izina rya Yesu. Amen. 30 IGIHE UFISE YESU MU MUTIMA WAWE, UBA UFISE UBUGINGO BUDASHIRA . . .Imana yaduhaye ubugingo budashira, kand’ ubwo bugingo buri mu Mwana wayo. Uwufise Umwana wayo ni we afise ubwo bugingo . . . . —1 Yohana 5:11, 12 . . . Uwumva ijambo ryanje, akizera uwantumye, . . . aba avuye mu rupfu, ashitse mu bugingo. —Yohana 5:24 Igihe umubiri wawe upfira, uca uba mu nyonga z’Imana (2 Ab’i Korinto 5:8). . . . Kristo ari muri mwebwe, ivyizigiro vyo kuzoronka ubwiza. —Ab’i Kolosayi 1:27 Namba wamaze gusaba Yesu kuguharira ivyaha vyawe, kandi ukaba wizera Umwami Yesu Kristo ngo abe Umukiza wawe, andi- ka izina ryawe hano kur’ uyu musitari: _____________________________________________________ Kengurukira Yesu ivyiza vyose biboneka mu bugingo bwawe. Umushimire ivyo yagukoreye vyose bo n’uko yagukijije umuti- ma. Sabira ico ukeneye cose. Senga mw izina rya Yesu. . . . I yo dusavye ikintu cose gihwanye n’ivyo igomba, itwumva. —1 Yohana 5:14 “. . . Ni hagira ico musaba Data cose azokibaha mw izina ryanje.” —Yohana 16:23 . . . Musengeranire . . . . —Yakobo 5:16 . . . Musabire ababahama. —Matayo 5:44 32 VUGANA NA YESU MU GUSENGA IGIHE IC’ARI CO COSE ISENGESHO YESU 33 YIGISHIJE ABIGISHWA BIWE (Umwigishwa n’uwukurikira Yesu.) Yesu yabwiye abigishwa biwe gusenga bartya: Data wa twese wo mw ijuru, izina ryawe ryubahwe, ubwami bwawe buze, ivyo ugomba bibe mw isi nk’uko biba mw ijuru. Uduhe ivyo kurya dukwiranye uyu musi; uduhebere imyenda yacu, nk’uko natwe twahebeye abari mu myenda yacu; kandi ntutujane mu bitwosha nabi, ariko udukize wa Mubi. Kuko ubwami n’ubusho- bozi n’icubahiro ari ivyawe ibihe bidashira. Amen. —Matayo 6:9-13 Ukwiye gufata iryo sengesho mu bwenge. Abakristo bakunda kuri- sengera hamwe bakoresha amajwi yumvikana. UBURYO BWO GUKOMEZA 31 GUKURIKIRA YESU Soma imirongo yo muri Bibiliya (ni yo Jambo ry’Imana) imisi yose, uyihishe mu mutima wawe mu gu- fata mu bwenge imirongo igufasha. (Urabona imirongo myiza myinshi mur’ aka gatabo.) Ivyanditswe vyose vyahume- tswe n’Imana, kandi bigira ikimazi co kwigisha umuntu, no kumuhana, no kumutunga- nya, no kumutoza indero nziza mu kugororoka. —2 Timoteyo 3:16 29
  • 7. 34 IVYAGEZWE CUMI VY’IMANA BITWIGISHA UKO DUKWIYE KUMERA MU BUGINGO BWACU (Kuvayo 20) Ivyagezwe Bine Bibanza Bivuga Ivy’ Uko Dukunda Imana 1. Ntukagire izindi mana umbangikanya. 2. Ntukibazire igishushanyo, canke igisa n’ishusho y’ikintu na kimwe . . . ; ntuze uvyikubite imbere, ntuze ubisabe. 3. Ntugapfe kuvuga izina ryanje, jewe Uhoraho Imana yawe, ku vy’ubusabusa. 4. Wibuke kuziririza umusi w’isabato. Ivyagezwe Bitandatu Bisigaye Bivuga Ivy’ Uko Dukunda Abantu IVYAGEZWE CUMI (bikomeza) 35 5. Wubahe so na nyoko. 6. Ntukice. 7. Ntugasambane. (Gusambana n’ukuryamana n’uwo mutarongoranye.) 8. Ntukibe. 9. Ntukagirize ibinyoma mugenzawe. 10. Ntukifuze . . . ikintu na kimwe ca mugenzawe. NI TWUMVIRA IMANA BITUMA DUHABWA IVYO DUSAVYE Kandi ico dusaba cose tugihabwa na yo, kuko twitondera ivyagezwe vyayo, tugakora ibishimwa imbere yayo. —1 Yohana 3:22 36 IVYAGEZWE BIBIRI BISUMBA IBINDI VYOSE Gukunda Imana 1. [Yesu] aramwishura ati: Mukundishe Uhoraho Imana yanyu imitima yanyu yose n’ubugingo bwanyu bwose n’ubwenge bwanyu bwose. Iryo ni ryo rihambaye rya mbere. —Matayo 22:37, 38 Gukunda Abantu 2. Hari irindi rya kabiri rimeze nka ryo, n’iri: Mukunde bagenzi banyu nk’uko mwikunda. —Matayo 22:39 Ivyagezwe Cumi vyose (ku mpapuro za 34 na 35) birapoperanijwe mur’ivyo Bibiri Bisumba Ibindi Vyose. URUKUNDO RUSUMBA IBINDI 37 BINTU VYOSE Igice gikuru kivuga ivy’ urukundo (1 Ab’i Korinto 13:1-8,13) 1Naho novuga indimi z’abantu n’iz’ abamarayika, ariko ntagira urukundo, noba ncitse umuringa uvuga, canke icuma kivuzwa kigasama. 2Kandi naho nogira ingabire yo kuvugishwa n’Imana, nkamenya amaba- nga yose, n’ubwenge bwose, kandi naho nogira ukwi- zera kwose, ngashobora gukuraho imisozi, ariko nta- gira urukundo, noba ndi ubusa. 3Kandi naho notanga ivyanje vyose, ngo ngaburire aboro, kandi naho notanga umubiri wanje ngo nturirwe, ariko ntagira urukundo, nta co vyommarira. 4Urukundo rurihangana, rugira neza, urukundo ntirugira ishari, urukundo ntirwihayagiza, ntirwihimbaza, 5ntirukora ibiteye isoni, ntirurondera ivyarwo, ntirwiciraho, ntirwi- yumvira ikibi ku bantu, 6ntirunezererwa ukugabitanya kw’abandi, ariko runezeranwa n’ukuri: 7rurenzako muri vyose, rwizera vyose, rwizigira vyose, rwi- hanganira vyose. 8Urukundo nta ho rushira. Ukuvugishwa n’Imana kuzokurwaho, ukuvuga izindi ndimi kuzogira iherezo, ubwenge buzokurwaho. 13None rero hagumyeho ukwizera, n’ivyizigiro, n’uru- kundo, ivyo uko ari bitatu: ariko ikibiruta n’urukundo. IMANA N’URUKUNDO . . . Imana n’urukundo; kand’ uwuguma mu rukundo aguma mu Mana, Imana ikaguma muri we. —1 Yohana 4:16 38 YESU AGOMBA KO UMUSHINGIRA 39 INTAHE MU BANDI (ur’ imuhira, canke mw ishuli, canke mu rusengero, ndetse n’a- handi hose) Yesu yaravuze ati: Ja i muhira i wawe mu b’i wanyu, ubabarire ivyo Umwami Imana igukoreye vyose, kand’ ingene ikugiriye iki- gongwe. —Mariko 5:19
  • 8. 40 UKO UMWANA W’IMANA W’UKURI AMENYEKANA Ni mwagiriranira urukundo, ni ho bose bazomenya ko mur’ abigishwa banje. —Yohana 13:35 Ariko ivyo Mpwemu yama n’urukundo, umunezero, ama- horo, ukwihangana, kugira neza, ingeso nziza, kuba umwi- zigirwa, ubugwaneza, ukwirinda . . . . —Ab’i Galatiya 5:22, 23 UMWANA W’IMANA W’UKURI AHARIRA ABANDI Kuko ni mwaharira abantu ivyaha vyabo, na So wo mw ijuru azobaharira namwe. —Matayo 6:14 IBINTU NDWI IMANA YANKA Amaso y’ubwibone n’ururimi rw’ibinyoma, n’amaboko avisha amaraso y’aberanda; n’umutima ugera imigabo mibi, n’ibirenge vyihutira kwirukira ikibi; n’icabona c’ibi- nyonma kivuga ivy’ubuhumvyi, n’uwuvyura imitongano mu bavukana. —Imigani 6:17-19 IBIKORWA VY’AKAMEREMERE: . . . Ubushakanyi, ibihumanya [n’ukuryamana n’uwo mutarongora- nye] . . . gusenga ibigirwamana, ubu- rozi, ubwansi, . . . uburake, ikeba . . . igono, kuborerwa, kudandahirwa, n’ibindi ben’ ivyo. . . abakora ibisa birtyo ntibazoragwa ubwami bw’Imana. —Ab’i Galatiya 5:19-21 . . . Canke abagabo bendwa, canke abagabo bendana, canke ibisuma, canke abifuza .... —1 Ab’i Korinto 6:9, 10 EMERA KO YESU AKWUZUZA MPWEMU WIWE AKAKOZA Kandi bamwe muri mwebwe ni ko mwari muri: ariko mwa- ruhagiwe, ariko mwarejejwe . . . mw izina ru’Umwami Yesu Kristo no muri Mpwemu w’lmana yacu. —1 Ab’i Korinto 6:11 41 42 UMURIRO UDASHIRA N’AHANTU HARIHO VY’UKURI (Soma Luka 16:19-26.) N’umenye neza ko wizeye Yesu Kristo vy’ukuri. Azokwandika izina ryawe mu Gitabo ciwe c’Ubugingo. Kand’ umuntu wese atabonetse ko yanditswe muri ca gitabo c’ubugi- ngo atererwa mur’ ico kiyaga caka umuriro. —Ivyahishuwe 20:15 YESU NI WE NZIRA IMWE YONYENE 43 IJA KU MANA . . . Imana yaduhaye ubugingo budashira, kandi ubwo bugingo buri mu Mwana wayo. —1 Yohana 5:11 Ingero y’icaha n’urupfu; ariko ingabire y’Imana n’ubugingo budashira, bubonerwa muri Kristo Yesu Umwami wacu —Abaroma 6:23 Uwizeye Umwana arafise ubugingo budashira, ariko uwutumvira Umwana ntazobona ubugingo, ariko ubu- rake bw’lmana buguma kuri we. —Yohana 3:36 Yesu aramubwira ati: Ni jewe nzira n’ukuri n’ubugi- ngo: nta wushika kuri Data ntamujanye. —Yohana 14:6 44 MW IJURU N’AHANTU HARIHO VY’UKURI Mu vyo Yohana yeretswe vyanditswe mu Vyahishuwe 21, yabonye ijuru risha n’isi nsha. [Imana] izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kand’ urupfu ntiruzoba rukiriho, kand’ amaborogo no gutaka n’uburibwe ntibizoba bikiriho: kuko ivya mbere bishize. Iyivyagira kuri ya ntebe iravuga iti: Raba vyose ndabihindura bisha. . . . —Ivyahishuwe 21:4, 5 Yohana yabonye n’Umurwa Wera, wururu- ka uvuye mw ijuru. . . . Umurwa wari iza- habu ishize inkamba imeze nk’ibirahuri bishize inkamba nyene. Amatanguriro y’urugo rwa wa murwa yari asharijwe n’amabuye y’amoko yose y’utubuyenge tw’igiciro kinini . . . . —Ivyahishuwe 21:18, 19 YESU YARAGIYE GUTEGURIRA 45 ABAMWIZERA BOSE AHABO “Ntimuhagarike imitima yanyu, mwizere Imana, nanje munyizere. I muhira kwa Data hari amazu menshi, iyo aba atariho, mba ndabibabwiye, kuko ngiye kubategurira ahanyu. Kandi ko ngiye kubategurira ahanyu, nzogaruka kubajana i wanje, ngo aho ndi namwe abe ari ho muba.” —Yohana 14:1-3 UMENYESHE ABANDI IZO NKURU NZIZA Yesu yaravuze ati: Mugende muje mu bihugu vyose, mu- bwire abaremwe bose ubutumwa bwiza. —Marcos 16:15 . . . Uwufise ubwenge ahindura imitima y’abantu. —Imigani 11:30 TABARA ! YESU Ivyo Mpwemu yama Ibikorwa vy’akamere- mere
  • 9. 46 AMASEZERANO IMANA ISEZERANIRA ABANA BAYO . . . Nta ho nzoguhemukira, nta ho nzoguta. —Abaheburayo 13:5 Kuko azokuragiza abamarayika biwe, ngo bakuzigame mu nzira zawe zose —Zaburi 91:11 . . . Umve, ndi kumwe namwe imisi yose, gushitsa ku muhero w’isi. —Matayo 8:20 Ntutinye ivyo ugira ubabazwe. . . . Wame uyoboka gushitsa ku gupfa, nanje nzoguha igitsibo c’ubugingo. —Ivyahishuwe 2:10 Mpamagara, nanje nzokwitaba . . . . —Yeremiya 33:3 YESU AZOGARUKA 47 Abantu bose bazozurwa bave mu bapfuye. . . . Igihe kija kuza, aho abari mu mva bose bazokwumvira ijwi ryiwe, bakazivamwo; abakoze ivyiza bakazukira ubu- gingo, abakoze ibibi bakazukira gucirwako iteka. —Yohana 5:28, 29 Abapfiriye muri Kristo bazobanza kuzuka. . . . Maze natwe abazoba bakiriho, dusi- gaye, tuzoca duteruranwa na bo mu bicu, dusanganirire Umwami mu kirere. Ni ho tuzokwama tubana n’Umwami. —1 Ab’i Tesalonike 4:17 . . . Mube maso, musenge; kuko mutazi igihe bizoshikira. —Mariko 13:33 48 YESU AZOZA ATE? Ehe arazanana n’ibicu, kand’ ijisho ryose rizomwibonera . . . . —Ivyahishuwe 1:7 Mwirinde abiyita kristi batari we, bo n’abahanuzi b’ibinyoma. . . . Ni hagira umuntu ababwira ati: Ehe Kristo ari hano, canke ati: Ari harlya: ntimuze muvyemere. . . . Ni bababwira bati: Ehe ari mu bugaragwa, ntimuze mujeyo; canke, ngo Ari haruguru mu mpete, mtimuze muvyemere. —Matayo 24:23, 26 YESU AZOZA GITURUMBUKA ARI MU BICU VYO MW IJURU Amoko yose yo mw isi . . . bazobona Umwana w’umuntu aje mu bicu vyo kw ijuru ari n’ububasha n’ubwiza bwinshi. —Matayo 24:30 ZABURI Y’UMWUNGERE (Zaburi 23) 1Uhoraho ni we mwungere wanje, sinzokena. 2Amvya- giza mu canya c’ubwatsi butotahaye: andongorera i ru- hande y’amazi adasuma: 3Aremesha umutima wanje. Anyobora mu nzira zo kugororoka kubw’ izina ryiwe. 4Mbere naho noca mu mwonga w’igitutu c’urupfu si- nzogira ikibi ntinya; kuko uri kumwe nanje; inyobozo yawe n’ubuhiri bwawe ni vyo bimpumuriza. 5Untegurira ameza mu maso y’abansi banje; wansize amavuta mu mutwe; igikombe canje kirasesekaye. 6N’ukuri ivyiza n’imbabazi bizonyomako imisi yose y’ukubaho kwanje, nanje nzoba mu ngoro y’Uhoraho ibihe vyose. If you are interested in receiving additional Scripture booklets, write to the publisher in English. World Missionary Press, Inc. P.O Box 120 New Paris, Indiana 46553 U.S.A. Aka gatabo gatangwa ku buntu – ntigakwiye kugurishwa 2219 Kirundi WTG 3-10