4. 4
Intangamarara
Isuku ni iki ?
Iyo tuvuze isuku bisigura kwubaha ubuzima bwawe n’ubwabandi, ubw’umu-
ryango wawe n’ubwo ibidukikije.
Inyifato nziza mubijanye n’isuku zishingiye ku mingenzo iteza imbere ukubaho
neza kwacu; kwikingira indwara no gukingira ibidukikije.
Kugira isuku rero ni ugukingira amagara yawe nayo abakwegereye mukugirira
isuku umubiri, ibifungurwa n’amazi dukoresha. Vyongeye, ni ugutunganya neza
aho tubaye (gukura amazi yacafuye hamwe n’imicafu) kugira dukinge ikwiragi-
zwa ry’indwara n’itituka ry’ubutunzi kama.
Aka gatabo kadufasha gutahura ico ari co indwara ziva kw’isuku rike hamwe
n’inyifato ibereye twogira kugira twirinde izo ndwara.
Uko ibiharuro bivyerekana mu Burundi...
• Indwara yo gucibwamwo iri mu ndwara za mbere zica abana
bari musi y’imyaka itanu
• Malariya niyo ndwara ya mbere ituma haba kugwaragurika
mbere n’impfu mu miryango
• Ibitigiri vy’abagira isuku mu mitumba bigeze ku bice 14
kw’ijana mu bisagara naho bigeze ku bice 33 kw’ijana.
5. 5
1. .Indwara zituruka kw’isuku rike
1.1 Indwara ziva ku mazi mabi n’ izica mu kanwa bivuye ku
mazirantoke
Indwara ziva ku mazi mabi n’izandurwa ziciye mu kanwa bivuye
ku mazirantoke n‘ukuvuga iki ?
Indwara ziva ku mazi ziterwa n’ugukoresha canke kunywa amazi arimwo imi-
gera y’indwara. Kwandura biciye mu kanwa bivuye ku mazirantoke navyo bitu-
ruka ku gufungura ikintu cose cakoze ku mazirantoke kigafunguranwa imigera
canke imigera yavuye muri ya mazirantoke. Indwara zo gucibwamwo nka kore-
ra, amacinya, tifoyide, ubukangwe, canke igitigu c’ubwoko A na E biri muri bene
izo ndwara ziterwa n’amazi mabi arimwo imigera canke zandurwa ziciye mu
kanwa bivuye ku mazirantoke. Amazi y’ibidengeri aratera nayo nyene indwara
zitari nke ; twovuga nka malariya, inzoka zo mu nda canke mu rukoba
Amazi yanduye imigera ni ukuvuga iki ?
Turakenera amazi mu bikorwa vyacu vyinshi vya misi yose: amazi yo kunywa,
yo gukinjika, yo kwoga canke yo kumesura, n’ibindi. Ariko, birashika ko amazi
dukoresha aba « acafuye » bisigura ko ayo mazi ashobora kuba yanduye imi-
gera bivuye ku nyifato zitabereye z’abantu: nko kuyagomororeramwo imicafu
yo mu binogo vy’utuzu twa sugumwe, kudatunganya neza imicafu, kwituma aho
umuntu abonye hose. Ayo mazi rero aba arimwo imigera n’ibindi bitera indwara
nk’ubumara buva mu mahinguriro amwe amwe.
6. 6
Izo ndwara zandurwa gute ?
• Mu kunywa amazi yanduye imigera mibi
• Biciye ku minwe yanduye imigera mibi
• Mugufungura ibiribwa vyanduye imigera mibi
• Mu buryo butaboneka biciye ku bikoko bimwe bimwe
• Mukudatunganya neza utuzu twa sugumwe (kwituma aho ariho
hose, kudakoresha neza akazu ka sugumwe n’ibindi).
Imigera ni iki ?
Imigera ni utunyabuzima dutoduto tutaboneka n’amaso tukaba
tuba hose mbere no mu mibiri yacu. Imigera myinshi iri mu mibiri
nta ndwara itera, mbere imwe irafasha kugira imibiri yacu ikore
neza.
Ariko iyindi migera irashobora gutuma umuntu yandura indwara
zitari nke ahanini biciye mu kanwa (amazi yanduye, imfungurwa
zanduye, intoke zicafuye) canke biciye mu bikomere bitavuwe
canke vyavuwe nabi.
Twikingiye iyo migera,tuba twirinze izo ndwara.
7. 7
1.2 Izindi ndwara
Malariya
Malariya ni indwara yandurwa biciye mu migera iri mu maraso ikaba yandukira
cane. Mu 2012, abantu barenga ibihumbi amajana atandatu barishwe niyo
ndwara kandi ibice 85 gushika kuri 90 kw’ijana baba muri Afrika yo munsi ya
Sahara.
Ingene malariya yandukira
Malariya yandurwa biciye mu kuribwa n’umubu.
Umubu uriye umuntu arwaye, ukurayo amaraso
arimwo imigera itera malariya. Uwo mubu, iyo
uriye uwundi muntu akomeye, umusigamwo
iyo migera, uwo muntu agaca arwara inyuma
y’imisi mike.
Irwirirana ry’imubu
Mu kurwira, imibu ita amagi
ahantu hakanye, muri ayo
magi hagaheza hakavamwo
imibu. Ahantu hari amazi
adatemba, imicafu irunze,
ishamba, isuku rike, niho
kenshi hatuma imibu
irwirirana.
Abantu baba aho hantu
nibo cane cane barwara
malariya kuko imibu iba
iharwiriye.